Thursday, June 8, 2023
HomePoliticsAlexis Sinduhije niwe ari kw-isonga ry-umurwi umaze imisi ukora ibitero mu Burundi-Sylvestre...

Alexis Sinduhije niwe ari kw-isonga ry-umurwi umaze imisi ukora ibitero mu Burundi-Sylvestre Nyandwi.

Ibitero vyakozwe mu gisagara ca Bujumbura imbere y-ukwezi kw-icenda , vyitirwa umurwi urongowe n-umunyepolitike Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD,usanzwe warafuswe mu Burundi. Vyashikirijwe n-umushikirizamanza kizigenza wa Republika, hari mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu.Burundi – « La résistance est la seule option qui nous reste pour vaincre  le régime de Nkurunziza », dixit Sinduhije Alexis

Sylvestre Nyandwi amenyesha kandi ko ivyo bitero Alexis Sinduhije abifashanya  n-abandi barundi bari mu buhungiro nka Francois Nyamoya, umupfasoni Margarita Barankitse arongoye Maison Shalom,Biremba Melchiade, Nibigira Jean-Claude batazira Bayaga, Niyukuri Nicolas batazira Gisiga, Bahati Gad Albert hamwe n-abandi. Umushikirizamanza kizigenza wa republika avuga ko abo bagirizwa bagiye gusohorerwa imitahe yo kubahagarika.

Kuvyerekeye n-ibitero vy-amagerenade biheruka  kuba  vuba, Sylvestre Nyandwi  amenyesha ko amatohoza akibandanya , nayo abamaze gufatwa bagiye gushikirizwa ubutungane.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...