Ibitero vyakozwe mu gisagara ca Bujumbura imbere y-ukwezi kw-icenda , vyitirwa umurwi urongowe n-umunyepolitike Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD,usanzwe warafuswe mu Burundi. Vyashikirijwe n-umushikirizamanza kizigenza wa Republika, hari mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu.
Sylvestre Nyandwi amenyesha kandi ko ivyo bitero Alexis Sinduhije abifashanya n-abandi barundi bari mu buhungiro nka Francois Nyamoya, umupfasoni Margarita Barankitse arongoye Maison Shalom,Biremba Melchiade, Nibigira Jean-Claude batazira Bayaga, Niyukuri Nicolas batazira Gisiga, Bahati Gad Albert hamwe n-abandi. Umushikirizamanza kizigenza wa republika avuga ko abo bagirizwa bagiye gusohorerwa imitahe yo kubahagarika.
Kuvyerekeye n-ibitero vy-amagerenade biheruka kuba vuba, Sylvestre Nyandwi amenyesha ko amatohoza akibandanya , nayo abamaze gufatwa bagiye gushikirizwa ubutungane.