NEWS

Alexis Sinduhije arabeshuza ivyo bamwagiriza

on

Umukuru w’umugambwe MSD Alexis SInduhije arabeshuza amakuru avuga ko arongoye umurwi w’abitwaje ibirwanisho barwanya Reta y’Uburundi.

sinduhije-alex

Alexis Sinduhije yavuze ko ivyo bamwagiriza ko arongoye umurwi w’abagomba gukura umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bakoresheje ibirwanisho ari ububeshi.

Umukuru w’umugambwe MSD amenyesha ko igihe yoshinga umurwi urwanya Reta ukoresheje ibirwanisho yovyemanga.

Alexis Sinduhije yahunze igihugu kuva mu kwezi kwa gatatu umwaka wa 2014.
UBM News tubibutse ko kuva ne kera yuko Alexis Sinduhije yamye yerekana ko adashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu ikindi naco twobibutsa nuko bamwe mu banywanyib’umugambwe arongoye bishwe mu mezi aheze.

Recommended for you