Thursday, June 8, 2023
HomePoliticsAlain-Guillaume Bunyoni yakombowe kuba umushikiranganji wa mbere asubirizwa na Gervais Ndirakobuca.

Alain-Guillaume Bunyoni yakombowe kuba umushikiranganji wa mbere asubirizwa na Gervais Ndirakobuca.

Umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni yakombowe mu mabanga yiwe n’umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye. Ikurwa rya Bunyoni rishitse mu gihe hari hamaze igihe hari urukurukuru ruvuga ko batariko bumvikana na Perezida Ndayishimiye kw’ifatwa ry’ingingo zimwe zimwe zoza zifasha igihugu.

Kuri uyu wa kabiri ku mugoroba, niho abashingamateka batumwako vyihuta batabwiwe ico bazoba baje gukora ko boba bashitse mu ngoro y’amakoraniro iri muri karitiye Kigobe mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu. Bakaba baciye bahawa izina rya Gervais Ndirakobuca asanzwe ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu baryemeze ko ariwe Perezida Ndayishimiye yagomwe ngo asubirire Alain-Guillaume Bunyoni.
Gervais Ndirakobuca akaba yatowe ijana kw’ijana n’inama nshingamateka mu kibanza co kuba umushikiranganji wa mbere .Akaba aza kurahira imbere y’inama nshingamateka na Nkenguzamateka kuri uyu wa gatatu isaha icenda n’inusu , nkuko vyamenyeshejwe na Gélase Ndabirabe arongoye inama nshingamateka y’uburundi.
Tubibutse ko kuwa gatanu w’indwi iheze, Perezida Ndayishimiye yamenyesheje ko hari umurwi w’ibihangange uri mu mugambwe wiwe ugomba kumuhirika ku butegetsi , ivyo benshi mu barundi bari mu batavuga rumwe co kimwe n’abari mu mugambwe CNDD-FDD bemeje ko atawundi umukuru w’igihugu yariko aravuga yari Alain-Guillaume Bunyoni kuko batari bamaze igihe badacana uwaka.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...