NEWS

Akaborerwe Katumye Umupolisi w’Umurundi Afatirwa mu Rwanda.

on

Igipolisi c’UBurundi kivuga ko umupolisi umwe yafatiwe mu gihugu c’Urwanda ejo ku musi wa gatanu amasaha y’umugoroba. Uyo mupolisi akaba yinjiye mu buryo budahuye n’amategeko mu Rwanda niko guca afatwa n’inzego z’Urwanda, nk’uko igipolisi cabimenyesheje kuri Twitter.

Mw’itangazo Igipolisi c’Uburundi cashize ahabona, umupolisi, APC Irakoze Theogene akorera ku kirindiro c’igipolisi ca Mabayi, mu ntara ya cibitoki yafatwa n’inzego zijejwe uumutekano z’urwanda. Pierre Nkurikiye akamenyesha ko ivyo vyatumwe n’uko uyo upolisi yari yaborewe birenze.

Igipolisi c’Uburundi kikaba kivuga ko hariko harakora ivyo kuvugana n’inzego z’umutekano z’urwanda kugira ngo uyo mupolisi w’Uburundi arekurwe.

Ibinyamakuru bimwe bimwe vyo mu Rwanda biriko biragerageza kurondera amakuru mugipolisi co mu Rwanda kugira hamenyekane nimba koko uyo mupolisi w’Uburundi yari yinjiye mu Rwanda kubera akaborerwe canke iyindi mpamvu, na rirya imigenderanire hagati y’Urwanda n’Uburundi itifashe neza namba.

Recommended for you