Thursday, December 1, 2022
HomePoliticsAimé MAGERA avuga ko hari umugambi uriko utegurwa wo guhagarika no kugandagura...

Aimé MAGERA avuga ko hari umugambi uriko utegurwa wo guhagarika no kugandagura Agathon RWASA.

Uwurongoye umugambwe CNL ku mugabane wa buraya, Aimé MAGERA  amenyesha ko hariho umugambi wo guhagarika hamwe no kugandagura umushingamateka Agathon RWASA. Uwo mugambi ngo uriko utegurwa na bimwe mu bihangange vyo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.Burundi: Agathon Rwasa's CNL Party celebrates 2nd Anniversary, reminds hundreds of its activists in Prison - RegionWeek

Abicishije kw-iradiyo Peace FM Ijwi ryurwaruka, Aimé MAGERA aravuga ukwo uwo mugambi uriko utegurwa :«… Turafise amakuru yuko uyo mugambi uhari kandi uyo mugambi utegurwa ku rwego rwo hejuru , ugategurwa n-umugambwe CNDD-FDD ku rwego rwo hejuru, aha novuga ku nzego zo hejuru z-uwo mugambwe , ugategurwa n-igisirikare,  ni ukuvuga Etat-Major, ni ukuvuga abantu basanzwe barongoye igisirikare hamwe rero na bamwe bo mw-iperereza kuko muraziko barya badatangwa mu bubisha nkubwo. Ni ukuvuga rero, ikiringo bihaye nico gushika mu kwezi kwa kabiri uy-umwaka turimwo kugira uyo mugambi ugayitse bawushire mu ngiro»

Abajijwe ku makuru aheruka gutangazwa n-umuvugizi w-ubushikiranganji bw-umutekano aho yemeje ko hari abanywanyi b-umugambwe CNL bariko baja mu muhari urwana wa FNL irongowe na Aloys Nzabampema, MAGERA avyamirira kure ivyo vyatangajwe na Petero Nkurikiye akasigura ko ari amarementanya yama yateguwe n-abategetsi bo mu mugambwe CNDD-FDD mu ntumbero yo kugira baronke aho bafatira Agathon RWASA binakunze bamwake ubuzima.« Hagire hakwire imyaka ibiri, mwarabonye insore nsore z-imbonerakure zigenda zivuga ko hari igisirikare  ca CNL muri Bujumbura-Rural  muri komine Kanyosha  mu nyuma bagenda bavuga yuko batumwe bagiye mu gisirikare ca CNL, muribuka ko aribwo butegetsi bwabigandaguriye  kandi bose babona babafashe ko ari mbonerakure kubera umugambi wabo watekurutse» Niko MAGERA abandanya asigura.

 

 

 

Must Read