NEWS

Aimé MAGERA: Abanywanyi Ba FNL ya Rwasa Barekurwe Ata Kirinze Gusabwa.

on

Umushingamateka Agathon Rwasa ari muri Leta ya CNDD-FDD,ariko abanywanyi bakimuyoboka barabangamiwe mu bice vyigihugu bitandukanye,bamwe bagahagarikwa,abandi bakabura irengero ryabo.

Ivyo biri uko mu gihe Agathon Rwasa Atanemerwa neza gutembera mu gihugu hagati yisanzuye,akarorero ni igihe yaja mu ntara ya Cibitoke maze Buramatari waho aranka ko ayaga n’abanyagihugu kuko abo banyagihugu bari bamwakiriye nk’umwami!

Bamwe nabandi ngo CNDD-FDD yanka ko yobatwara ‘abanyagihugu’ maze bakabura amajwi mu mwaka wa 2020.

Uko biri kwose,biramaze kugaragara ko Ubutegetsi burongowe na CNDD-FDD buhagaritswe umutima nijunja ry’umushingantahe Agathon Rwasa ku buryo haguma haca inkuru hirya no hino zo kuzimanganya ubuzima bwiwe.

Umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA usaba ko abanywanyi bawo bahagaritswe barekurwa ata gisabwe,kuko ata kindi bazira Atari kuba bagumye ari abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA.

Agathon Rwasa(hagati) ni Icegera Ca Mbere C’Umukuru w’Inama Nshingamateka Mu Burundi.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona na Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA,umugambwe FNL umenyesha ko uhagaritswe umutima n’abanywanyi bawo bahagarikwa isakisaki mu ntara zitandukanye z’igihugu.

Muri iryo tangazo,umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA uragaruka ku mazina y’abanywanyi b’umugambwe bamaze guhagarikwa :

Mu ntara ya Gitega ni:NZAMBIMANA Edouard na Jean Paul NDUWARUGIRA, mu ntara ya Bururi naho ni : NDUWAYO Bernard aserukira umugambwe muri komine Matana, na GATORE Bernard umubitsi w’umugambwe muri komine Matana nyene.

Recommended for you