NEWS

Agathon Rwasa yemerewe kugurura ingoro y’umugambwe CNL

By

on

Inyuma yo kwankirwa kugurura ingoro y’umugambwe Conseil National de Liberté ‘’CNL’’ kur’uyu w’Imana uheze, umugambwe CNL wemerewe kugira ikoraniro ryawo ryambere kur’uyu w’Imana. Umushingamateka Agathon Rwasa yahoze arongoye umugambwe FNL ubu arongoye uwo mugambwe akaba yari yiyamirije uko kumubuza kugira ikoraniro ry’umugambwe CNL.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, yariyandikiye umukuru w’umugambwe CNL Agathon Rwasa amumenyesha ko iryo koraniro ridashobora kuba kuko umutekano udakwiye aho iryo koraniro rizobera. Freddy Mbonimpa akaba yamenyesheje ko bari baronse amakuru avuga ko hashobora kwaduka imvururu mur’iryo koraniro.

Agathon Rwasa akaba yararongoye umuhari Front National de Libération ‘’FNL’’ Palipehutu ikiriko iragwana imbere y’umuhari CNDD-FDD. Mu nyuma uwo muhari wahavuye uba umugambwe uca witwa FNL cokimwe n’umuhari CNDD-FDD wahavuye uba umugambwe uca witabira amatora yo mu 2005 ariko gutahukana intsinzi. Umuhari FNL wabanje kubangira.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply