NEWS

Agathon Rwasa yankiwe guhabwa Umugambwe yasavye!

on

Mw’ikete ubushikiranganji bw’intaro yo hahati mu gihugu bwandikiye umushigamateka Rwasa Agathon, bwamenyesheje uyo mushinganateka ko igisabo yasavye co guhabwa umugambwe witwa FNL-Amizero y’abarundi kitemewe.

Ubwo bushikiranganji bukamenyesha ko ico gisabo ca Rwasa Agatho ‘kidahuje n’amategeko agenga imigambwe ya politike mu Burundi’.

Imwe mu mpamvu zatumye Rwasa yankirwa guhabwa uyo mugambwe yasavye nuko Rwasa Agathon yankiwe guhabwa uwo mugambwe kubera ko ‘yakoresheje ibimenyetso vy’uwundi mugambwe’.

Biragaragara ko ico ari ikimenyestso c’uko bizoba ibigoye ko umushingamateka Agathon Rwasa ashobora kuja mu matora ya 2020 yorohewe.

Mukamenya ko Jacques Bigirimana, uwusanzwe yegereye cane ubutegetsi bw’Uburundi, yari yasavye cane Leta y’uburundi kutemera ko Rwasa Agathon yogira umugambwe, gushika naho avuga ko ‘Rwasa agomba gushikira ubutegetsi akoresheje intambara’.

Raba urwandiko Rwasa Agathon yandikiwe:

Recommended for you