NEWS

Agathon Rwasa Yandikiye Umuhuza Ku Bijanye N’Umutekano Wiwe.

on

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Agathon Rwasa, n’ubu abandanaya agaragaza amakenga ku mutekano wiwe aho yandikiye urwandiko ibiro vy’Umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi aho yidoga avuga ko umutekano wiwe udakwiye kandi ko hariko haba agatotezo kuri we no ku bandi banyapolitike batavuga rumwe na Leta.

Inyuma yaho yandikiye urwandiko umukuru w’ingabo amusaba ko yoguma acungerewe umutekano wiwe n’abasoda aho gucungererwa n’abapolisi, Agathon Rwasa yamenyesheje muri urwo rwandiko ko inyuma y’igice ca kane c’ibiganiro biheruka kubera i Arusha, abatavuga rumwe bariko baratotezwa. Ku bwa Rwasa, batotezwa bivanye n’impagararo bagize itashimwe na Leta y’Uburundi muri ivyo biganiro biheruka.

Soma kandi : Agathon Rwasa Asaba Umukuru W’Ingabo Gufuta Ingingo Yo Guhindura Abajejwe Umutekano Wiwe.

Muri urwo rwandiko,Rwasa Agathon amenyesha ko ukwo gutotezwa kwatanguriye i Arusha maze kukaba kuriko kubandanya ku mbuga ngurukana bumenyi nka za Facebook, Twitter, WhatsApp. Kuri izo mbuga ngurukana bumenyi, abanya politike bamwe bavuze ibitaza bishimwa na Leta i Arusha babonwa ko ‘badashaka ubwigenge bw’igihugu’, ‘barwanya intwaro’ kandi ‘badakunda abanyagihugu’, ko mbere bakwiye kuzimanganywa, nk’uko Rwasa Agathon abimenyesha.

Muri urwo rwandiko kandi rwandikiwe umuhuza mu biganiro vy’abarundi, Benjamin Mkapa, Agathon Rwasa ariyamiriza ingingo iheruka gufatwa yo kumuhindurira abamucungerera umutekano, maze agahabwa abapolisi aho kumuhuha abasirikare. Akaba kandi yiyamiriza ingingo yo mw’ibwirizwa shingiro ryahinyanyuwe ibuza ko hajaho inani za politike mu matora hamwe no kubuza ko abatavuga rumwe na Leta bagira amanama ya politike.

Raba hano urwo rwandiko Agathpn Rwasa yandikiye umuhuza mu biganito bihuza Abarundi :


Recommended for you