NEWS

Agathon Rwasa yamirira kure ivyo Jacques Bigirimana avuga.

on

Inyuma y’aho umukeba wa Agathon Rwasa ariwe Jacqques Bigirimana ahagurukiye kugira yiyamirize Rwasa Agathon ku mugambi wiwe wo gushinga umugambwe mushasha wiswe FNL Amizero y’Abarundi, uyo mushingamateka Rwasa Agathon yamirira kure ivyo Bigirimana avuga ko ‘Rwasa ngo yoba ariko ashinga ikirobeli’.

Rwasa Agathon akaba atangazwa n’iyo ngendo ya Jacques Bigirimana. Agathon Rwasa amenyeshea ko ‘Jacques Bigirimana ari nko kwita mu bitamuraba kandi atazi’. “Ntitwashize dosiye yo kwemerwa kw’umugambwe mu biro iwe. Nta na kimwe azi kuri iyo dosiye“, niko Rwasa yanebaguye ingendo ya Jacques Bigirimana, nk’uko Iwacu ibishira ahabona.

Biragaragara ko hari ukurabana ayingwe hagati y’abo bagabo babiri, bose bakaba bazotatanurwa na Leta y’uburundi kuko niyo iriko yiga ivyo abo bagabo babiri bashikiriza…Gushika ubu nta wuramenya uwuzotahukana intsinzi. Mbega Agathon Rwasa umugambwe yasavye leta izowumuha?Mbega Bigirimana Jacques ivyo asaba ko atohabwa umuryango bizokwumvirwa?

Soma kandi: “Jacques Bigirimana yagiriza Rwasa Agathon gutegura ikiroberi“.

Ku bijanye n’uko Jacques avuga yuko Rwasa yinyagiye ibiranga umugambwe FNL wa Jacques Bigirimana, Rwasa Agathon amanyesha ko ‘atari ivyo we yifondeye kandi ko atari ivya Jacques Bigirimana kugira avuge ko ari ukunyaga umugambwe’.

Agathon Rwasa akavuga ko nyabuna Jacques Bigirimana yorazwa ishinga no kuja mwihaganwa hama bikazomenyekana ko ikibanza arimwo akibereye vy’ukuri.

Recommended for you