NEWS

Agathon Rwasa: ‘Urunani Amizero y’Abarundi Ntibagishwa Inama Mu gihe Hihwezwa Ibihinyanyurwa Mw’Ibwirizwa Shingiro’.

on

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nshingamateka,Agathon Rwasa, arababazwa nuko abajejwe kwihweza ivyohinyanyurwa mwibwirizwa shingiro batagisha inama abashingamateka bari mu runani amizero y’abarundi,akamenyesha ko hogira ico bafasha mu gihe bogishwa inama.

Kubw’uwo mushinganateka aserukira abanyagihugu, ngo hoba hariko harategurwa ivyo gufuta ingingo ya 96 ivuga ko ‘umukuru w’igihugu atorwa kumara ibiringo bibiri bitarenga vy’imyaka itanu itanu’.Rwasa akamenyesha ko imbere yuko izo ngingo zifatwa hobanza kurindirwa ibizova mu bigabiro bibera hanze bihuza abarundi.

Ayo makenga kandi akaba yaragaragajwe n’Umugambwe FRODEBU Nyakuri.Keffa Nibizi,umukuru wuwo mugambwe,arababazwa nuko atigeze ahabwa ijambo nuyo mugwi ujejwe kwihemweza ivyohinyanyurwa mw’ibwiriza Shingiro kugira atange ivyiyumviro vy’umugambwe wiwe ku ngingo zibereye guhinyanyurwa mwibwirizwa shingiro Uyo munyapolitike akaba asaba ko imbere yuko uyo mugwi woshira ahabona ivyo washitseko wotangura kugisha inama bose.

Umugwi ujejwe guhinyanyura ibwiriza shingiro mu kuraba ingingo zohindurwa washizweho itariki 15 Ntwarante 2017.Ukaba ufise ikiringo c’amezi atandatu gushika Nyakanga 15, 2017.Mwomenya ko ibiro vy’umuhuza hamwe n’abatavuga rumwe na leta baba hanze y’igihugu babandanya basaba ko ibwirizwa shingiro ritokorwako muri kino gihe Uburundi bukiri mu ngorane.

Recommended for you