Thursday, December 1, 2022
HomePoliticsAgathon RWASA ntatahura igituma abatsinze amatora bashobora kubuza abatsinzwe gukorana.

Agathon RWASA ntatahura igituma abatsinze amatora bashobora kubuza abatsinzwe gukorana.

Agathon RWASA arongoye umugambwe CNL avuga ko atangazwa n’ukuntu abanywanyi ba CNDD-FDD baguma bavuga ko batsinze amatora ariko bakaguma babuza abantu bita ko batatsinze gukorana, kubwiwe ngo ni icemezo nsindamusiga ko intsinzi umugambwe CNDD-FDD wirirwa urigina atari iyabo. Umushingamateka Agathon RWASA yabishikirije kuri uyu w’Imana mu ntara ya Cibitoke muri komine Rugombo  aho abanywanyi biwe bariko bahimbaza isabukuru y’imyaka itatu uyo mugambwe wemerewe gukora.May be an image of 3 people and people standing

Umushingamateka RWASA ati :«…Ariko muribaza abantu bashobora kugira ubwoba bavuga yuko batsinze bavuga yuko abantu bahereye iwabo bagatinya yuko abatsinzwe bakorana? Baratsinze vyukuri? Canke barivye intsinzi? Iki ni ikibigaragaza. Batwarira ku bwoba! Kandi iyo utwariye kubwoba uca ukora ivy’ubwoba nyene! Nta mugambi w’iterambere uhaba ntanakimwe»

Agathon RWASA akaba yabishikirije inyuma yaho abategetsi batandukanye bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD harimwo uwurongoye igipolisi mu ntara ya Cibitoke bazindutse uwo musi batera ubwoba abanywanyi b’umugambwe CNL bababwira ko uwokwirahira akitaba ikoraniro uwo mugambwe ufise ataco azokwirahira ngo abaze ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Eka n’abadandaza bakaba babwiwe ko bakirahira bagahonyozayo ikirenge ahabera ibirori vy’uyo mugambwe  bazoca bakwa ibibanza bacururizamwo.

 

Must Read