Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsAgathon Rwasa niwe munyepolitike wa mbere akomeye cane kandi akunzwe kurusha abandi...

Agathon Rwasa niwe munyepolitike wa mbere akomeye cane kandi akunzwe kurusha abandi bose mu burundi

Édouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yaraye atangaje muri Kabizi ko urunani rw’abigenga rudashoboka mu matora. Umumenyeshamakuru Gilbert Niyonkuru amubajije ko hoba hariho itegeko ribuza abigenga kuja hamwe yishuye ati: ” …ndumva ko ushaka kuvuga ko ibitabujijwe n’amategeko biba birekuwe”. Kubwa Édouard Nduwimana kuba amategeko avuga urunani rw’imigambwe bisigura ko urwabigenga rudashoboka.

rwasa

Utuntu dutatu nobivugako:

1. Biraboneka ko ubutegetsi butinya cane urunani rwa FNL- Rwasa na Uprona-Nditije. Mu myaka iheze abategetsi b’Uburundi bakwira amahanga berekana ko ubumwe bwa CNDD-FDD na Uprona muri Leta yari inkingi y’amahoro ku buryo abandi banyapolitike bose ataco bari bavuze. Kuva aho Uprona ivanye na CNDD-FDD igatera yegera FNL ya Agathon Rwasa, iyo shusho yarahindutse cane. Mu makungu eka mbere no mu Burundi Agathon Rwasa atera yambara rwose ishusho rikomeye ry’umuntu ashobora guhuza abarundi mu gihe CNDD-FDD Nkurunziza itera ihinduka umurwi w’uruhande rumwe kandi uriko ucanishamwo abarundi. Agathon Rwasa atera afata ikibanza kinini kigiye kugora CNDD-FDD hamwe itohagarika iyi ngendo y’akarenganyo.

2. Ico ciyumviro gishasha ca Édouard Nduwimana gusigura ko FNL Rwasa itazoshobora gukora n’intonde z’abashingamateka mu ntara kuko umunywanyi wese wa Rwasa arigenga. Bisigura ko intara yose izokora urutonde rwayo ataho rufataniye nurwo muyindi ntara, rumwe rwose rugasabwa gushikana 2% ku rwego rw’igihugu kugira rushobore kuja mu nama nshingamateka. Ivyo kandi bikazoba gutyo no kuri Uprona ya Nditije. Ako karenganyo kabandanije gutyo kagiye guta igihugu mu kaga.

Agathon-Rwasa-lors-de-linterview_1

3. Ariko iyi ngendo y’ukuburabuza rwose Agathon Rwasa irimwo ubujuju bwinshi cane. Ku ruhande rumwe ituma ishusho ya Rwasa ihinduka cane, abarenganywa bose bakamwibonamwo. Amagorwa Agathon Rwasa ariko aracamwo asa n’ayabandi benshi batagira aho bavugira kuburyo abazotora Rwasa bazoba biyumvira cane cane guhana Petero Nkurunziza nabo bari kumwe. Kurundi ruhande, mukwerekana ko batinya cane Rwasa, bituma Abarundi babona ko ariwe munyapolitike akomeye kurusha abandi batavuga rumwe n’ubutegetsi. Nibaza ko igikorwa gihambaye ubu kiri kwa Agathon Rwasa. Harageze ko ava mu gihagararo c’umukuru w’umugambwe FNL yigorewe, agahinduka umuvigizi w’abarundi bose mu bibazo bibahanze, akagenda atanga cane cane ishusho y’Uburundi bw’inyuma ya Nkurunziza, akaboneka ko ashoboye gutwarira Abarundi bose atazohava akundwakaza bamwe nkuko twabibonye mu myaka ishize. Abarundi baratangaje kuko bakeneye “Sebarundi” mu gihe abategetsi twagiye turaronka bagumye baboneka nk’abakorera bamwe bagwanya abandi barundi. Ku bwanje CNDD-FDD yo nyene iriko iraha igikorwa gihambaye Agathon Rwasa.

Must Read