Thursday, June 8, 2023
HomeNewsAgathon Rwasa '' Jewe ntanumusi nzokwemera gukorera mu kwaha kw'uwundi mugambwe...

Agathon Rwasa ” Jewe ntanumusi nzokwemera gukorera mu kwaha kw’uwundi mugambwe !

Agathon Rwasa avuga ko arongoye umugambwe FNL arabeshuza ivyashikirijwe na Jacques Bigirimana avuga ko ariwe yabaye intambamyi y’ukwiyunga kw’amashami uko ari abiri, ahubwo intambamyi ku bwiwe ni abashimye gukorera mu kwaha kw’uwundi mugambwe, nk’uko bivugwa na Agathon Rwasa.

agathon rwasa

Agathon Rwasa yamirira kure ivyashikirijwe na Jacques Bigirimana ko ariwe ari intambayi y’ukwiyunga muri FNL. Kubwiwe, intambamyi ni abashimye gukorera mu kwaha kw’uwundi mugambwe. Yagiriza Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko ahubwo ari barata baratora. Rwasa ati : “Ni barata baratora, ivyo arimwo ntavyo nzi, ariko akora nk’umucangero w’uwundi mugambwe, ni naco gituma atobandanya kuvuga ko ari jewe ndi intambamyi y’ukwiyunga kw’abanamarimwe.”

Mwomenya ko ivyo bariko babishikiriza mu gihe umugambwe UPRONA waraye ushize hamwe bagakuraho ivyabatandukanya, abatari bake rero haba mu migambwe canke mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bakaba basavye ko n’iyindi migambwe yoboneraho akarorero ka UPRONA, ikiyunga igihugu kigatera imbere.

Sources : Igihe

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...