Agathon Rwasa avuga ko arongoye umugambwe FNL arabeshuza ivyashikirijwe na Jacques Bigirimana avuga ko ariwe yabaye intambamyi y’ukwiyunga kw’amashami uko ari abiri, ahubwo intambamyi ku bwiwe ni abashimye gukorera mu kwaha kw’uwundi mugambwe, nk’uko bivugwa na Agathon Rwasa.
Agathon Rwasa yamirira kure ivyashikirijwe na Jacques Bigirimana ko ariwe ari intambayi y’ukwiyunga muri FNL. Kubwiwe, intambamyi ni abashimye gukorera mu kwaha kw’uwundi mugambwe. Yagiriza Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko ahubwo ari barata baratora. Rwasa ati : “Ni barata baratora, ivyo arimwo ntavyo nzi, ariko akora nk’umucangero w’uwundi mugambwe, ni naco gituma atobandanya kuvuga ko ari jewe ndi intambamyi y’ukwiyunga kw’abanamarimwe.”
Mwomenya ko ivyo bariko babishikiriza mu gihe umugambwe UPRONA waraye ushize hamwe bagakuraho ivyabatandukanya, abatari bake rero haba mu migambwe canke mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bakaba basavye ko n’iyindi migambwe yoboneraho akarorero ka UPRONA, ikiyunga igihugu kigatera imbere.
Sources : Igihe