NEWS

Agathon Rwasa: ‘Igihe hageze amahinduka, nta numwe ashobora kuyahagarika’.

on

Umushingamateka Agathon Rwasa n’abanywanyi biwe baraye buguruye ku mugaragaro ibiro bikuru vy’umugambwe wabo mu gisagara ca Bujumbura inyuma y’aho aherewe uruhusha na leta y’Uburundi.

Mu vyo yashize ahabona, Rwasa yarashize ahona ko ‘mu gihe isaha y’amahinduka yageze, ata numwe ashobora kuyihagarika’ ,maze ahamagarira abarundi bose gushira inguvu hamwe maze iryo hinduka riboneke maze ‘inyankamugayo'(abanywanyi biwe bitwa ukwo) bishire bizane.

Rwasa yamensheje ayi: “Twigishe amahoro twamirire kure ikibi. Twigishe amahoro ryo soko ryo gufatana mu nda maze turwanye urwanko hamwe n’ugucanamwo ibice”, nibwo butumwa budasanzwe Rwasa yashikirije abanywanyi biwe.

Ivyo birori vyo kwugurura ingoro y’umugamwe wiwe vyitabiriwe na bamwe mu bategetsi b’Uburundi harimwo umukuru wa CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura, abaserukira ibihugu vy’Ububiligi, Ubudagi, Ubufaransa mu Burundi.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.