Tuesday, March 28, 2023
HomePoliticsAgathon Rwasa avuga ko ata ntwaro rusangi iri mu Burundi ahubwo ko...

Agathon Rwasa avuga ko ata ntwaro rusangi iri mu Burundi ahubwo ko hari intwaro y’umugambwe umwe wa CNDD-FDD.

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ngo wafashe ibisata vyose vy’ubutunzi bw’igihugu uvyikwegerako nkaho uburundi ari icibare cawo. Vyatangajwe na Agathon Rwasa mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere.Uwo arongoye umugambwe CNL akavuga ko intwaro ihari mu Burundi ni iy’umugambwe umwe wa CNDD-FDD.

:”…Nta ntwaro rusangi ihari, hari intwaro y’umugambwe umwe nkuko umenga turi mu Burundi bw’umuntu umwe. Turazi ko uburundi burimwo abantu batandukanye mu vyiyumviro. (…)intwaro rusangi ni ukuvuga yuko uraba abantu mu mihingo no mu bisata bitandukanye bose ukabazeza amabanga ” Niko Rwasa avuga.

Kubijanye no kurondera ugusambura imigambwe bimaze imisi bigeragezwa ku mugambwe CNL, Agathon Rwasa amenyesha ababikora n’ababatuma ko ata nyungu bazobironkamwo . Akibutsa Leta y’uburundi ko ifise ibwirizwa ryo kunywanisha abarundi muga Atari ukubacamwo imirwi.

Umushingamateka Agathon Rwasa akaba yatanze ico kiganiro mu gihe kuri uyu wa 12 Ntwarante 2023 , uwo mugambwe arongoye CNL uzohimbaza imyaka ine umaze wemerewe gukorera ku mugaragaro . Ivyo birori uwo mugambwe wabitegekanya kuwa 19 Ruhuhuma 2023 ariko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ntiyemerera uwo mugambwe ko uhimbaza ivyo birori kw’iryo genekerezo.

Must Read