Sunday, March 26, 2023
HomeNewsAgathon Rwasa avuga ko agiye kwitura Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro

Agathon Rwasa avuga ko agiye kwitura Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro

Agathon Rwasa avuga ko agiye kwitura Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro kubera ko ivyo CENI yatangaje atari vyo nk’uko Rwasa abivuga.

Mu vyo CENI yashize ahabona ejo ku musi wa mbere, Pierre Claver Kazihise yamenyesheje ko umukandida wa CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, yatsinze amatora ya 2020.

Agathon Rwasa avuga ko agiye kuzokwitura Sentare yubahiriza ibwirizwa Shingiro kubera ko afise ibimenyamenya ntaharirizwa vy’uko CENI yatangaje ibiharuro bitarivyo mu matora y’umukuru w’igihugu.

“Twaregeranije ibimenyamenya bitari bike biva ku ma biro y’itora vyerekana ko umugambwe wacu watsinze amatora yo ku wa 20 rusama 2020, niko Rwasa agathon yamenyesheje.

Mu vyo CENI yashize ahabona, umukandida wa CNDD-FDD yatsinze ku bice nka 64% mu gihe Rwasa Agathon afise 24% mu matora yabaye ku wa 20 Rusama 2020.

Mwomenya ko Pierre Claver Kazihise yavuze ko mu gihe abokwanka ivyavuye mu matora  bokwitura Sentare ijejwe ivyo bibazo.

 

Must Read