NEWS

Agathon Rwasa ariyamiriza ihagarikwa ry’abanywanyi biwe.

on

Umushingamateka, Agathon Rwasa, anarongoye uugambwe wiwe mushasha CNL yavuye mu gacerere maze ariyamiriza agatotezo kariko gakorerwa abanywanyi biwe b’umugambwe CNL hirya no hino mu gihugu.

Umushingamateka Agathon RWASA yayaze na Isanganiro maze avuga ko yiyamiriza ifatwa, ifungwa n’itotezwa ku banywanyi biwe ba CNL(Congres National pour la Liberation).

Rwasa Agathon akaba ahakana ko bagirizwa kuba bariko bakora inama zitemewe n’amategeko akavuga ko abanywanyi biwe co kimwe n’abandi bafise uburenganzira bwo kwishira n’ukwizana mu butandukane bw’abo.

Rwasa Agathon akaba kandi yabwiye Isanganiro ko inzego zo mu mugambwe ziriko zirategurwa zikazoja ahabona mu misi mike iri imbere nimba abanywanyi ba CNL bafatwa bagahagarikwa kubera ukubonana bisanzwe bakayaga.

Inyumay’aho umugambwe CNL wa Agathon Rwasa wemerewe gutangura gukora ku mugaragaro, abanywanyi biwe batari bake bariko bafatwa hirya no hino mu gihugu nk’uko ibinyamakuru vyo mu Burundi bitari bike bibishira ahabona.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply