NEWS

Agathon Rwasa Arahakana Ibirego Jacques Bigirimana Amwagiriza.

on

Inyuma y’aho Umukuru w’umugambwe FNL wemewe n’ubutegetsi, Jacques Bigirimana ashiriye ku mugaragaro urwete yagiriza Agahon Rwasa ko ariko ategura intambara, icegera ca Mbere C’umukuru w’Inama Nshingamateka, Agathon Rwasa yamirira kure ivyo vyagiriji, ko ari ukurondera ku mucafuza nk’uko vyama.

Muri urwo rwandiko Jacques bigirimana yari yashize ahabona, yari yamenyesheje ati : “Rwasa Agathon avuze ko umutekano wiwe ugeramiwe aba ariko ategura ubwicanyi, kuko mu minsi mike uja wumva bateze imitego mw’ibarabara, muza mwumva abantu bishwe. N’ubu muze mwumvirize muri iyi minsi ntimuzoreka kwumva abantu bishwe. Kuva tukiri kumwe niko twabikora. Uwo niwo mutego twakoresha. Reta y’Uburundi munyumve, dufise amakuru ko yasubiriye mu bikorwa vy’ubwicanyi”.

Mu kiganiro bose bakoranye na BBC, bose baravuze ko ivyo bavuga babifitiye ivyemeza. Jacques Bigirimana aremanga ko afise ivyemeza ko abanywayi ba Agathon Rwasa bahabwa ibigwanisho, kandi ko amanama yama yakozwe, mbere ko Agathon Rwasa apanga gutanguza intambara mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu ntara ya Bujumbura benshi bakunze Kwita rural.

Jacques Bigirimana Na Agathon Rwasa

Agathon Rwasa wewe akameyesha ko ivyo Jacques Bigirimana avuga ko ari ivyo atumwa n’Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, canke ko CNDD-FDD yandika izo nyandiko hama Jacques Bigirimana agaterako igikumu ko ari ari umugambwe FNL wateye igikumu kuri izo nyandiko. Rwasa yabandanije amenyesha ko ari umugambi w’ubutegetsi wo kugira icibare c’umugambwe umwe igihugu gisangiwe na bose.

Ivyo biri uko mu gihe Rwasa Agathon asa nuwuboneka ko ari intambamyi ku mugambwe CNDD-FDD ku matora ya 2020; aho ni mu gihe Rwasa Agathon yama yavuze ko umutekano wiwe ubangamiwe, mbere ko ashobora kugandagurwa.

Abihweza ibintu n’ibindi babona ko ivyo Jacques Bigirimana yashikirije ko umutekano w’igihugu ubangamiwe atari we yari akwiye kubishikiriza, ko vyari gushikirizwa n’ababijejwe nk’igisirikare canke igipolisi, maze bigaca bigaragara ko ivyo Rwasa yavyuze ko Jacques Bigirimana asohora ivyo yatumwe ari ukuri. Uko biri kwose, ntibigiye kugenda neza hagati y’abahoze basangiye akabisi n’agahiye haba mu mu magume no mu mahirwe, ariko ubu bagiye kurabana ayingwe, ari bo agathon Rwasa na Jacques Bigirimana.

Recommended for you