NEWS

Agathon Rwasa arabandanya urugamba rwa politike naho bitoroshe

By

on

Kur’uyu wa mungu niho umugambwe CNL wugurura ingoro yawo muri mairie ya Bujumbura. Umukuru w’uwo mugambwe, umushingamateka Agathon Rwasa, akaba yaritavye ivyo bikorwa vyabereye mu ntara abamwo.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, ku mus iwa gatanu akaba yaratanze uruhusha kw’ivyo bikorwa vyoba ko umutekano ukwiye aho ico gikorwa caranguriwe muri zone Gihosha komine Ntahangwa.

Amafoto nayo aca kur’urubuga ngurukana bumenyi bwa facebook yerekana ingoro y’umugambwe FNL muri komine Muhuta ivyandiko vyo kur’iyo ngoro vyafuswe n’abantu bataramenyekana, abahegereye bakavuga ko hakoreshejwe amase y’imvubu zihora ziza kurisha ku nkenkera y’ikiyaga Tanganyika. Iradiyo yabafaransa RFI nayo ikavuga abanywanyi b’uwo mugambwe CNL wahora witwa FNL bashika 140 bamazwe guhagarikwa kuva itariki 11 ntwarante uyu mwaka.

Abo banywanyi b’umugambwe CNL bakaba bagirizwa gukoresha amanama mw’ijoro atemewe n’amategeko. Mu ntwaro naho bakavuga ko uwo mugambwe utarerekana abaserukira uwo mugambwe mu ntara mu makomine no mumu zone. Ibiriko birakorwa n’uwo mugambwe mu makomine.

Recommended for you