Umushingamateka Agathon RWASA amenyesha ko umugambwe CNL angoye utigeze utegura canke ngo witabire imyiyerekano iheruka kubera mu gihugu c-ububirigi ikozwe na bamwe mu barundi biyamiriza ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu ribandanya rikorwa mu gihugu c-uburundi. Mu kiganiro yahaye kuri uyu wa kabiri iradiyo n-imboneshakure ISANGANIRO, Agathon RWASA amenyesha kandi ko umugambwe CNL utacuditse n-imwe mu mihari irwanira mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Congo.
Umukuru w-umugambwe CNL abishikirije inyuma yaho umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye yagirije umugambwe CNL ubicishije kuri Aimé Magera avuga ko aserukira uwo mugambwe ku mugabane wa buraya , watunganije imyiyerekano yitabiriwe n-abarundi baba mu gihugu c-ububirigi hamwe no mu micungararo yaho. Agathon RWASA ati :«Nk-umugambwe CNL , nta myiyerekano wateguye , umugambwe CNL nta myiyerekano wagiyemwo. Ni ikindi nuko avuga ko abagiye kugira iyo myiyerekano bavuye mu Burundi bafata indege mugabo bisa nka ya ngendo ijanye no kurementanya kuko nibo bacungera ikibuga c-indega, nibo bacungera imbibe zose (…) Raporo y-umwaka turatanga vyose ukwo inzego zikuru z-umugambwe zubatswe kandi kuva umugambwe CNL ubaho, mu nzego nkuru z-umugambwe , ntaryo zina rya MAGERA wosangamwo»