Abanywanyi b’umugambwe FNL bo mu makungu barungikiye ubutumwa Rwasa Agathon bamumenyesha ko bakimuyoboka kandi ko bacemera inzego zavuye mu koraniro kaminuza ryabaye mu kwezi kwa Munyonyo, ari naryo ryashizeho Rwasa Agathon nk’umukuru w’umugambwe FNL imbere y’uko asubirizwa na Manweri Bigirimana, hakurikira Yakobo Bigiri,ari nawe aramutswa uwo mugambwe ubu.
Abayoboka Rwasa Agathon bo mu makungu bamenyesha ko bashimye kurungikira urwo rwandiko Rwasa Agathon kugira bamwereke ko bifadikanije na bagenzi babo bo mu Burundi badahengeshanya gusaba ko umugambwe wosubizwa abitorewe n’abanarimwe. Basavye abandi banywanyi ba FNL aho bari hose ko bofatana mu nda, bihanganire aboza bashaka kubakwegera mu nyosha mbi, kandi bitegurire kwakira bagenzi babo mu gihe bokwemera kugaruka mu ruhongore. Mu ntumbero yo gushira imbere intwaro ibereye, basavye abandi banamarimwe ba FNL birinde abobasomborotsa.
Muri urwo rwandiko rwarungikiwe Rwasa Agathon, abo banywanyi ba FNL bamenyesheje ko bashigikiye ko ishirahamwe BNUB ryokwongerwa ikiringo, kuko ibikorwa vyaryo bikenewe, na cane cane muri iyi minsi igihugu kiriko citegurira amatora azoba mu mwaka w’2015. Barangiza basaba ko ubutegetsi buhari bworekura abanywanyi ba FNL bari mu minyororo bazira ko bayoboka Rwasa Agathon.
Abakuru b’umugambwe FNL mu mahanga cumi na batanu nibo bateye umukono kuri urwo rwandiko rwarungikiwe Rwasa Agathon.
1. Aimé MAGERA (Benelux)
2. Dr Mathias NTIMPIRANGEZA (Royaume Uni)
3. Louis NDARUGIRIRE (Scandinavie)
4. Dacius KAYIJUKA ( Italie)
5. Nestor NTAHINDURWA (Canada)
6. Hon. Sévérin BARUMUNUNGU (Etats-Unis d’Amérique)
7. Juvénal NDAGIJIMANA (Australie)
8. Christophe NDUWAYO (Afrique du Sud)
9. Aloys HATUNGIMANA (Mozambique)
10. Quintar MINANI (Malawi)
11. Zéphyrin NAHAYO (Kenya)
12. Vincent HABIMANA (Zambie)
13. Pascal HAKIZIMANA (Namibie)
14. Denis NIYONKURU (Sénégal)
15. Juma GIHUGU (Ouganda)
Sources : Igihe