NEWS

Agahato Ko Kwiyandikisha Mu Matora No Gutanga Intererano ?

on

Hagize imisi hibonekeza akajagari mu bijanye no kwandika abantu bazokwitaba akamparamapaka ko kwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro n’amatora ya 2020. Ivyo vyose bikabonkeka ko ari ishaka rirenze urugero muri ivyo bikorwa. Hirya no hino m gihugu hakibonekeza umugwi w’abantu uhata abantu gutanga ku nguvu intererano y’amatora.

Ku makuru amwe amwe aja ahabona, bamwe babitumwe n’ishaka rirenze urugero, barugara amabarabara kugira ngo bahate abarengana berekane urukaratasi rwerekana ko biyandikishije, kandi ivyo navyo bibujijwe. Terance Ntahiraja akaba yamenyesheje ko ‘abo bantu bakwiye kumenya ko mu bijanye n’amatora, ni demokrasi, kandi ni ugushaka kw’umuntu, ata guhatwa’.

Ubutegetsii bukamenyesha ko ivyo buriko burabikorerako, kandi bukipfuza ko bitosubira kuba. Ikindi cibonekeza ni uguhata abantu ngo batange interrerano y’amatora ya 2020 ku nguvu.Ntahiraja naho yaratanze umuco ariko bamwe bamwe bakabirengako. “Itegeko nshikiranganji riratomora neza ko abanyagihugu b’Abarundi bakwiye gutererera amatora ya 2020…abantu ntibakwiye guhatwa”, niko yamenyesheje.

Ivyo bishitse mu gihe hari hagize imisi hibonekeza abakuru b’amashure bamwe bamwe bashitse n’aho bandika amazina y’abigisha ya bamwe bamwe hama barayashira ku mugaragaro y’abatatererye mu matora ya 2020. Ariko rero, igikwiye kuja imbere ni ugushaka kw’umuntu, atari agahato.

Recommended for you