Thursday, June 8, 2023
HomeNewsAfrika y-Epfo ivuga ko ifise umugambi wo gushiraho pasiporo ya Covid-19.

Afrika y-Epfo ivuga ko ifise umugambi wo gushiraho pasiporo ya Covid-19.

Umukuru w-igihugu ca Afrika y-Epfo Cyrille Ramaphosa yaraye atangaje ku mboneshakure y-ico gihugu kuri uyu w-Imana  umugambi wo gushiraho pasiporo ya Covid-19, ni mu gihe abagikekeranya kwiteza urwo rucanco babandanya biyongera.US businesses 'on fairly strong legal ground' to mandate vaccine proof for  customers: Law professor

Inyuma yaho bigaragariye ko abagabo batariko barahurumbira cane kwiteza incanco za Covid-19, vyatumye Leta igira amakenga  ko ico kiza kishobora kwongera kurangata mu gihugu. Mw-ijambo ryiwe yaraye ashikirije abanyafrika y-Epfo, Perezida Cyrille Ramaphosa yavuzeko  gucandaga abantu arirwo rufnguruzo rwonyene rwo kwongera  kwugurura ubutunzi  no gukinga  ico kiza, ni mugihe hamaze kwibonekeza ubundi bwoko  bwa Covid-19 ndetse buza bwaramaze kurandagata mw-ico gihugu.

Abantu barenga imiriyoni indwi akaba aribo bamaze gucandarwa muri Afrika y-Epfo  gushika ubu, ica kane c-abakuze baramaze kuronswa doze imwe . Ico gihugu kikaba cihaye kuzoba cacandaze  imiriyoni 40 gushika mu kwezi kwa gatatu ku mwaka uza w-2022.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...