Umukuru w-igihugu ca Afrika y-Epfo Cyrille Ramaphosa yaraye atangaje ku mboneshakure y-ico gihugu kuri uyu w-Imana umugambi wo gushiraho pasiporo ya Covid-19, ni mu gihe abagikekeranya kwiteza urwo rucanco babandanya biyongera.
Inyuma yaho bigaragariye ko abagabo batariko barahurumbira cane kwiteza incanco za Covid-19, vyatumye Leta igira amakenga ko ico kiza kishobora kwongera kurangata mu gihugu. Mw-ijambo ryiwe yaraye ashikirije abanyafrika y-Epfo, Perezida Cyrille Ramaphosa yavuzeko gucandaga abantu arirwo rufnguruzo rwonyene rwo kwongera kwugurura ubutunzi no gukinga ico kiza, ni mugihe hamaze kwibonekeza ubundi bwoko bwa Covid-19 ndetse buza bwaramaze kurandagata mw-ico gihugu.
Abantu barenga imiriyoni indwi akaba aribo bamaze gucandarwa muri Afrika y-Epfo gushika ubu, ica kane c-abakuze baramaze kuronswa doze imwe . Ico gihugu kikaba cihaye kuzoba cacandaze imiriyoni 40 gushika mu kwezi kwa gatatu ku mwaka uza w-2022.