INTERNATIONAL NEWS

Africa24 : Trump ‘Aragabisha Irya Nyuma’ Abategetsi Ba Afrika Bigumiza Ku Butegetsi.

on

Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika nubu yasubiye gutanga ‘ingabisho ya nyuma’( Ultimatum) kandi akaba afitiye ishavu abakuru b’ibihugu vya Afrika bama bahindura amabwirizwa shingiro kugira bigumize ku butegetsi mu gukoresha amafaranga y’ibihugu vyabo mu kwica abakora imyiyerekano, niko Ikinyamakuru co kuri Internet Africa24.info kimenyesha.

Mu nkuru ico kinyamakuru gifise icivugo co ‘gutangaza ivyo abandi badashira ahabona’, ico kinyamakuru kivuga inkuru ko mu nama Donald Trump yakoranye n’abahanuzi biwe muri Maison Blanche vyagiye ahabona ko USA ishaka kwikurako abategetsi ba Afrika ‘batwaza agahahazo’ bashika ku bakuru b’ibihugu 6. Africa24 ikaba ivuga ko ivyo bihugu 6 vya Afrika birabwa ribi na Amerika bitaramenyekana.

Abanyafrika benshi baramaze gupfira mu kiyaga bagerageza kuja I Buraya kuronderayo ubuzima bwiza. Tutikuyeko abo bategetsi batwaza umukazo, bazokwiragira I Buraya na Amerika. Nahacu gukora”, niko itangazo ryavuye muri Maison Blanche ribivuga.

Kubwa Africa24, Donald Trump agiye kurungika aba ambassaderi muri ivyo bihugu 6 birabwa ribi na Amerika. “Mu misi iri imbere, ngiye kurungika abaserukizi ba Amerika muri Afrika. Bazotwara ubutumwa kuri abo bategetsi batwaza umukazo bo muri Afrika, babahe ingabisho ya nyuma y’umwaka umwe babe bavuye ku butegetsi canke bahanwe n’ibihano bikomeye, harimwo ukubakuraho mu buryo bwa gisirikare, niko ico kinyamakuru kibandanya.

Naho ico kinyamakuru Africa24 kivuga ko kidashobora gutanga ivyemeza vy’iyo nkuru, kimenyesha ko vuba cane kizoronka ikete ritanzwe n’uwatanze iyi nkuru ririko ubutumwa bushikirizwa ivyo bihugu 6 vya Afrika birabwa ribi na Washington.

Recommended for you