ARTIST

Adrienne Nahimana, umukinyi rurangiranwa wa “Ninde” arakwiye kugarukirwa.

on

Umukinyi rurangiranwa w’ikiganiro gica kuri Radio Nkuru y’igihugu, RTNB,arico “Ninde” arageramiwe cane n’ingwara imsusinzikaje cane ariyo Diabete. UBM News yashimye kwifatanya n’abandi bariko batabariza uwo mukinyi rurangiranwa wa “Ninde” kugira agarukirwe.

Uwo mukinyi rurangiranwa, Nahimana Adrienne(azwi ku mazina menshi nka ‘Mabukwe’ n’ayandi) yamenyesheje ikinyamakuru Iwacu ko ubu amaze gutakaza ibiro 40 kubera iyo ngwara imusinzikaje. Ikibabaje n’uko uwo mukinyi rurangiranwa atagira n’uburyo bwo kugira yivuze.

Aba na bariya bariko baribaza abo mugarukirako ubwa mbere bagasanga ni leta y’Uburundi hamwe na RTNB yabakoresha mu biganiro bifasha mw’iterambere ry’igihugu.

Hihwejwe uko ingwara yiwe imugejeje, bisigaye ari urugamba kugaburira Nahimana Adrienne. Uwo mukinyi rurangiranwa wa “Ninde” akaba atemerewe gufungura ibiharage vyumye, ubugari bw’umwumbati, ibijumbu hamwe n’amavuta; ivyo bifungurwa navyo bikaba arivyo bisanzwe bitunze abanyagihugu bo mu gihugu hagati mu Burundi.

Ibinyamakuru nabatari bake bariko bakwiragiza akamo hirya no hino kugira bitabarize uwo Nahimana Adrienne kugira ngo abagira neza bamugarukireko.

Nimba ufise umutima wo gufasha, ntiwibagire kugira Partage canke Share kugira amakuru mabi ya Nahimana Adrienne akwiragire hose maze agarukirweko.

Recommended for you