NEWS

Abungere ba Ekleziya Gatolika basaba Ibiganiro Bidakumira.

on

Mw’itangazo ryasohowe n’abungere ba Ekleziya katolika kuwa 10 Nyakanga 2017 ,abo bungere b’ishengero katolika bahamagrira Abarundi bose mu biganiro bidakumira kubw’inyungu y’Abarundi bose kubwo kwirinda intambara.

Abo basenyeri ba Ekeleziya Gatolika bamenyesheje bati : “ Turasubiyemwo kandi gusaba dushimitse ko hobaho ibiganiro bidakumira kubw’inyungu z’Abarundi bose maze abashaka gufata inzira y’intambara bateshwe bate”.

Abo bungere ba Katolika bavuze ko Abarundi bababajwe cane n’intambara kandi ko ata munyagihugu numwe vyega yokwemera ko Uburundi busubira mu ntambara. “Uwariwe wese arazi ko amatati hagati y’abanyapolitike yamye avamwo inzankano hagati yabo, ubwicanyi,hamwe n’ukugandagurwa”.

Abo bungere kandi baragarutse ku kibazo c’uko uko ibintu vyifashe mu Burundi kwatumye Abarundi bahunga igihugu maze baja mu bihugu bibanyi kandi babayeho mu buzima bugoye cane. “ Muri abo bahunze harimwo abanyapolitike, abajejwe gucungera umutekano, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike atandukanye”, niko abo basenyeri bamenyesha.

Abo bungere kandi baramenyesheje ko Abarundi badashobora kwubaka igihugu cabo mu gihe hariho abandi bakiba hanze y’igihugu.Abo bungere bagahamagarira abo bose vyega gushira inguvu hamwe ‘bagafata inzira imwe’ bagatsimbataza amahoro.

Recommended for you