NEWS

Abubatse mu kibanza kiri mu Buterere bahawe ukwezi kumwe

By

on

Abanyagihugu bubatse hafi y’ikibanza co muri zone ya Buterere gishikiramwo imicafu ivuye mu gisagara ca Bujumbura bahawe ukwezi kumwe gusa kugira babe bavuye muri ico kibanza.

Mu nama abashikiranganji batatu ba Reta y’Uburundi bagiranye n’abanyagihugu bubatse muri ico kibanza, bababwiye ko iyo ngingo ari ntabanduka, ariko abahafi amatongo bakaba bavuga ko bafise impapuro zemeza ko baronse ivyo bibanza biciye mu mategeko.

Abashikiranganji bafashe iyo ngingo ni umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta Jean Bosco NTUNZENIMANA, umushikiranganji w’uburimyi Deo Guide RUREMA hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE.

Abo bashikiranganji basiguye ko iyo ngingo y’ukubaha ukwezi kumwe kugira babe bavuyeyo, kuko abahinga berekanye ko ico kibanza kitagenewe kwubakwamwo amazu, kandi ko ari ikibanza ca Reta. Abo bashikiranganji bavuga kandi ko hari imicafu yegereye ico kibanza ishobora kugirira ingaruka mbi abanyagihugu baba muri ico kibanza.

Abafise amazu muri ico kibanza bashikirije amakenga yabo, bakavuga ko bitumvikana ingene Reta yobakura mu bibanza bahawe n’abaserukira Reta.

Recommended for you