NEWS

Absahinga ba ONU Basaba Uburundi Kurekura Germain Rukuki.

on

Uwuharanira agateka ka zina muntu, Germain Rukuki, inyuma yo gucirirwa urubanza rwo gufungwa imyaka 32 mu Burundi, abahinga ba ONU nabo bahagrutse maze basaba leta y’Uburundi na cane cane abategetsi bagize uruhara muri urwo rubanza kurekura Germain Rukuki vyihuta, kandi ata kirinze gusabwa.

Tubibutse ko Germain Rukuki yafunzwe yagirizwa “ukugumuka ” hamwe no ” gushaka guhungabanya umutekano”. Nk’uko biboneka mw’itangazo ryasohowe n’umurwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, UN Human Rights Commission, ‘urwo rubanza rwa Germain Rukuki rwaranzwe n’utunenge, maze urubanza rwiwe ruciiribwa mu kinyegero abamuburanira batabizi, uretese inkaratasi yahaswe kugira asinye’.

Abahinga ba ONU bakaba bamenyesheje bati: ” Turasaba abategetsi [b’Uburumdi] gufuta burundu urubanza rwaciriwe Germain Rukuki. Tukaba kandi tubasavye guhagarika gutangira igikorwa c’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike hama bareke abaharanira agateka ka zina muntu bidegemvye ata bwoba na gato”.

Abo bahinga ba ONU barangije basaba bati: “Turarajwe ishinga cane ko uru rubanza rukaze rutabaye urwa mbere rubaye. Mu myaka yaheze, abategetsi [b’Uburundi] baranumije amajwi y’abatavuga rumwe na leta na cane cane abaharanira agateka ka zina muntu , abamenyeshamakuru barahunga igihugu maze bahagarika amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike kudakoea igikorwa na kimwe“.

Recommended for you