NEWS

Abitwaje Ibigwanisho Bateye Mu Rwanda Bava Mu Burundi.

on

Igipolisi c’Urwanda camenyesheje ku musi wa mungu itariki 1 Mukakaro 2018 ko abagizi ba nabi basubiye gutera muri District ya Nyabimata mu gace ka Cyamuzi mu gihugu c’Urwanda mu bucagucagu ku musi wa mungu.

Mw’itangazo rigenewe abanyamakuru, Igipolisi c’Urwanda camenyesheje ko abo bateye baje bava mw’ishamba rya Nyungwe mu Burundi kandi bakaba basubiye inyuma muri iyo nzira nyene. Ibi bikaba bibaye incuro ya kabiri hakozwe igitero nk’ico hadaheze n’amayinga abiri.

Abo bateye bakaba barivye ibifungurwa harimwo n’ibitungwa. Baciye banarasa mu kirere kugira batere ubwoba abanyagihugu bongera bahata abanyagihigu bafashe ngo babatwaze ivyo basahuye, ariko igisoda c’Urwanda kikaba caciye kihaseruka maze baca barabarekura barahunga baca mu nzira baje bazanayemwo, nk’uko igipolisi c’Urwanda kibimenyesha.

Igipolisi c’urwanda kikaba casavye ko abanyagihugu b’Urwanda bokorana neza n’inzego z’umutekano mu gutanga amakuru kare kugira ubwo bukozi bw’ikibi butuzwe.

Recommended for you