NEWS

Abitavye inama ya Pascal BARANDAGIYE batashe uko baje

By

on

Reta y’Uburundi yagumijeho ingingo yafashwe n’inama nkuru y’umutekano w’Uburundi, y’uguhagarika mu kiringo c’amezi atatu amashirahamwe mpuzamakungu ategamiye Reta (ONGs) akorera mu Burundi. Iyo ngingo yemejwe ko igumijweho mu nama yahuje kuri uwu wa kabiri umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’amaserukira ayo mashirahamwe mpuzamakungu.

Umwizero w’abari baserukiye amashirahamwe barongoye waheze igihe mu ntango y’iyo nama umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yagira ati : « Ntituje ngaha guhindura ingingo yafashwe n’inama nkuru y’umutekano, kuko urwo ari urwego ruri hejuru y’ubushikiranganji. Ni urwego kandi rusanzwe rurongowe n’umukuru w’igihugu. Twaje ngaha kugira tubahe umuco ku mpamvu zatumye iyo ngingo ifatwa. »

Umushikiranganji BARANDAGIYE yabwiye abari bitavye iyo nama bimwe mu vyatumye iyo ngingo ifatwa : « Menshi mu mashirahamwe murongoye ntiyubahirije amategeko, ibikorwa vy’amwe mu mashirahamwe murongoye ntibihura n’imigambi ya Reta y’Uburundi mu bijanye n’iterambere ry’igihugu. »

Reta y’Uburundi yarashizeho kuva mu ntango z’umwaka w’2017 itegeko rivuga ko ububiko bw’amafaranga y’agaciro bw’ayo mashirahamwe bwoshirwa muri banki nkuru nkuru y’igihugu, ivyo amwe muri ayo mashirahamwe atubahirije.
Jean Claude KARERWA, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, yagiye kure, avuga ko hari amwe muri ayo mashirahamwe yigisha ibijanye n’abukana basangiye ibitsina hamwe n’amwe muri ayo mashirahamwe adandaza ibirwanisho.
Kubwa Reta y’Uburundi, iyo ngingo ni iyije kwerekana amashirahamwe ariko arakora n’ayatariko arakora yubahirije amategeko.

« Kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 2 Gitugutu 2018, nta shirahamwe na rimwe tuzi rikorera mu Burundi. Ukwiyandikisha kurabandanya gushika ayo mezi atatu aheze. Ico kiringo giheze, tuzomenyesha ko twasozereye, duheze tumenye amashirahamwe ahari n’ayadahari. », uko niko umushikiranganji BARANDAGIYE yabwiye abari bitavye iyo nama yabereye mw’ihoteri « Source du Nil ».

Bimwe mu vyasabwe na Reta y’Uburundi, n’uko ayo mashirahamwe yokwubahiriza ibitigiri vy’abahutu n’abatutsi mu gutanga ubuzi.

Amwe mu mashirahamwe yafashwe n’iyo ngingo ni : World Vision, Addis Galicia (Spain), Hope for Living (Rwanda), Welf Hunger hilfe (Allemagne), Projet Human Aid (Allemagne), Christian Blind Mission (Allemagne), PSI Catholic Relief Service (CRS), CARE Burundi, Norvegian Church Aid, One Acre FUND, Population Media Center, Médecin Sans Frontières, SAVE THE CHILDREN, La Benevolencja (Nederland), Search For Common Ground (USA), American Friends Services Committee (USA), Net Health, n’ayandi.

Recommended for you