NEWS

Abigeme batandatu bafunzwe kubera kwonona ifoto y’umukuru w’igihugu.

on

Abana b’abigeme batandatu bakongera bakaba ari abanyeshure barafunzwe mu ntara ya Kirundo mu buraruko bw’Uburundi bagirizwa kwonona isanamu y’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Abo bigeme bafunzwe bagirizwa icaha co ‘kwonona isanamu ya Pierre Nkurunziza iri mu bitabu v’ishure(Gribouillage)’.

Abo bigeme kandi bafunzwe ku bw’impamvu z’amatohoza kuva ku wa 12 Ntwarante 2019.

Nk’uko Iwacu ibishira ahabona, abavyeyi b’abo bigeme bakaba basaba ko abana babo borekurwa kubera ko imbere y’uko hibonekeza ukwo kwonona isanamu y’umukuru w’igihugu, hari ‘abandi banyeshure bari baherutse gukoresha ivyo bitabu’.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.