Ukwicandagisha ikiza ca Covid-19 biriko bibandanya mu gisagara ca Bujumbura. Ku biro vy-umugambi w-igihugu ujejwe gucandaga , PEV, bagenzi bacu b-iradiyo isanganiro bahaciye kuri uyu wa gatanu basanze haza umwumwe.
Ikindi, mu barondera kwicandagisha ubwa kabiri bamenyesha ko batabona mu vyuma nyabwonko ko baronkejwe urwo rucanco ku ncuro ya mbere. Ni mu gihe, hari abasubira inyuma bavuga ko babuze urwo bakeneye rwitwa Johnson and Johnson mu gihe hari urwa Sinopharm, rukomoka mu gihugu c-ubushinwa.
Tubibutse ko gutanga incanco ku bantu bavyishakiye vyatanguye kuwa 18 Gitugutu 2021 uyu mwaka. Hakaba haheze indwi zigera kuri zitatu ubushikiranganji bw-amagara y-abantu bumenyesheje ko ku ndwi bakira abantu bari hagati y-ijana hamwe n-ijana na mirongo ibiri.