NEWS

Abenegihugu bo muri quartier ya gatanu mu Ngagara barasaba ko bokingirwa

By

on

Aho n’inyuma y’igitero c’abantu bitwaje imipanga cabaye mw’ijoro ryo kur’uyu wa kane mw’ijoro rikuze. Abanyagihugu baba aho muri zone Ngagara quartier ya gatanu bakavuga ko bagiye babona abantu bitwaje imipanga babashwayemwo babambura ivyo bafise bongera babatemagura.

Nkuko bavyivugiye kuri radiyo isanganiro, abo bitwaje ibipanga baza babwira abo basanze munzu yegere station musi y’ibarabara ryitiriwe Buconyori ko bobereka abantu banyegeje ngaho imbere yo kubasahura utwo bafise amahera n’imfungurwa.

Abo benegihugu bakamenyesha kandi ko hari umuhungu na se bakomerekejwe aho nyene muri quartier ya gatanu. Amasanamu nayo yazungurutse k’ubuhinga ngurukana bumenyi yerekana uwo batazira Sésé avugwa mw’igandagurwa rya Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’uwurongoye OLUCOME. Abo benegihugu bakavuga ko bamaze amezi abiri baterwa n’abo bantu bitwaje imipanga.

Ariko umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi, Pierre Nkurikiye, arabeshuza iyo nkuru akavuga ko ahubwo yari umugabo yaratashe iwe amasaha y’ijoro hama urwaruka rwari ruteramye ruranka kwarengana bahava barashwana bamurekuye aca aja kuzana icuma ngo abakubite niko kuca atemagurwa n’urwo rwaruka. Pierre Nkurikiye akavuga ahubwo ko urwo rwaruka ruriko ruraronderwa.

Mwibaza ko arinde avugisha ukuri ?

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply