NEWS

Abel Gashatsi ahamagarira abadasigana bose gusubira mu mugambwe Uprona mu ntumbero yo kwitegurira amatora yo mu 2020

By

on

Munyuma yaho habaye amatati akomeye mu mwaka w’i 2014 mu mugambwe UPRONA abadasigana benshi bakava muruyo mugambwe washinzwe na Rwagasore n’imanza zikaba zarashinzwe, umukuru w’umugambwe UPRONA, Abel Gashatsi asaba ko abadasigana ko bosubira hamwe mu ntumbero yo kwitegurira neza amatora yo mu 2020.

Ku kibazo naho caho uwugize ico ashikiriza aca akurwa mu mabanga yose, Abel Gashatsi arabeshuza iyo nkuru. Abel Gashatsi akamenyesha ko abo arabashaka gusambura umugambwe UPRONA iyo bataronse gutwara inzego z’igihugu niz’umugambwe. Aho ni munyuma yaho, habonetse urwandiko rw’abadasigana bari muri Komite nshirwabikorwa bavuga ko amatungu y’umugambwe UPRONA ariko aranyonyezwa.

Tatien Sibomana, umwe mu badasigana ari mu runani Amizero y’abarundi, aguma asaba ko imanza zaciwe na sentare ntahinyuzwa zoshirwa mu ngiro aho komite yo mu 2009 y’umugambwe UPRONA yoca itwara uwo mugambwe.

 

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.