Friday, December 2, 2022
HomeTrendingAbegereye umuryango wa Alain-Guillaume Bunyoni n'umupfasoni wiwe barasatswe n'igipolisi.

Abegereye umuryango wa Alain-Guillaume Bunyoni n’umupfasoni wiwe barasatswe n’igipolisi.

Kuri uyu w’Imana hazindutse isakwa mu ngo z’imiryango imwimwe muri karitiye Kajiji, ni muri zone ya Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura. Kubwo ababanyi b’imiryango yasatswe n’igipolisi, iryo sakwa ryatombereye abegereye umuryango w’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni hamwe n’umuryango w’umupfasoni wiwe Hyacinthe Bunyoni .

Mu gitondo co kuri uyu w’Imana niho abanyagihugu bo muri karitiye Kajiji iri muri zone Kanyosha baza babona igipolisi kiza gusaka mu mazu ya bamwe mu bagize umuryango w’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni hamwe n’umuryango w’umukenyezi wiwe , Ivyatangaje cane ababanyi b’iyo miryango.
«Uno munsi niho twagiye tubona ibintu bidasanzwe aho igipolisi cazindutse cugariza bamwe b’umuryango wa Bunyoni hamwe n’abo mu muryango w’umugore wiwe . hakaba hatowe ibirwanisho n’imyambaro y’igipolisi. Bagiye kandi no kwa mutoyi wa muka Bunyoni nawenyene bamusatse no muyindi mihana yegereye umuryango wiwe. Nukuri vyadutangaje ni ibintu tutari twiteze ko bishobora kubaho» bivurwa n’umwe mu babanyi b’umuryango wa muka Bunyoni yabonye ukwo isakwa ryariko rirakorwa.

Ababanyi b’uwasanganywe ibirwanisho bavuga ko igipolisi caciye kimutwara bakaba barindiriye ico ubutungane bubikorako. Abo banyagihugu bo muri karitiye Kajiji bamenyesha ko kuva Alain-Guillaume Bunyoni avuye ku rugamba ari imboneka rimwe ko habaho igikorwa nk’ico co gusaka abagize umuryango wiwe kuko uvuze izina rya Bunyoni mu misi iheze waba ushaka ko uhasiga agatwe kubera ko ijunja n’igihagararo yarafise mu mugambwe eka no mu gihugu muri rusangi.

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...