NEWS

Abazungu bane bo mu gihugu c’Ubufaransa bafashwe n’igiporisi c’Uburundi

By

on

Igiporisi c’Uburundi cafashe kuri uwu wa gatandatu abazungu bane b’ubwenegihugu c’Ubufaransa. Abo bazungu bafatiwe mu gisagara ca Bujumbura, bari kumwe n’uwundi murundi umwe.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE aremeza ayo makuru y’ifatwa ry’abo bazungu, akaba amenyesha ko bagirizwa ivyaha bijanye n’uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi.

Ivyo vyaha, nk’uko bivugwa na Petero NKURIKIYE, bigizwe n’ugufunga ikiwani (Escroquerie) hamwe n’ukuba bavuga amashirahamwe bakorera atazwi (Sociétés fictives) mu gisata c’ugutumatumanako amakuru (Télécommunications).

Mu giporisi bavuga ko abo bafashwe bapfunzwe ic’amaso, mu kurindira ibiva mu matohoza. Ikibanza bapfungiwemwo ariko kikaba kitavuzwe.

Recommended for you