NEWS

Abayoboke ba Zebiya ntibemera urucanco rwa Mugiga.

on

Mu gihe mu gihugu cose c’Uburundi hariko haraba urucanco rwo gukinga ingwara ya Mugiga ku banyagihugu bari hagati y’umwaka 1 gushika ku 29, hari abandi Barundi batabona kumwe na Leta ku bijanye n’Urwo rucanco.

Abo barundi basanzwe ari abayoboke ba Zebiya basanzwe bafise imyizere ikaze canke ikavya nk’uko bamwe bamwe babivuga.

Ku bwa ABP, abayoboke bamwe bamwe bo mu ntara ya Bubanza mu burengero bw’Uburundi bahisemwo guhunga urwo rucanco hamwe n’abana babo kugira bazogaruke iryo sekeza ryo gucandaga riheze.

Abo bayoboke ba Zebiya bakaba bibonekeza cane mu ma komine ya Musigati, ku mitumba ya Masare, Kiziba na Busiga. Hari nn’imirynago ishika kw’icumi yabayoboke ba Zebiya yahunze bitazwi aho iri yo ku mutuma Masare, nk’uko ABP ibimenyesha.

Abategetsi bo mw’iyo ntara ya Bubanza bakamenyesha abo bayoboke ba Zebiya ko urwo rucanco ari ku neza yabo, kandi ko uwuzorenga ku ngingo zafunditswe azohanwa hisunzwe amategeko.

Abayonoke ba zebiya bakaba bafitaniye umubano mubi na Leta y’Uburundi kuva mu myaka iheze, aho bahavuye bafata ingingo yo guhunga Uburundi maze bagaruka mu nyuma mu misi iheze ubuzima barimwo mu gihugu c’Urwanda butaborohereje na gato.

Recommended for you