Inama rukokoma yateguwe n’umugambwe UPRONA, ishami rirongowe na Concilie NIBIGIRA yabaye ukuri kwamye ku ngoro y’uwo mugambwe UPRONA “Ku Mugumya”. Concilie NIBIGIRA yamenyesheje ko ari mu ntumbero yo gushiraho inzego zizwi z’umugambwe UPRONA, mu gihe Karori NDITIJE yamenyesheje ko ibiva muri iyo nama bizobazwa Reta yemeye ko iba kandi amategeko y’umugambwe atayemera.
Mu gatondo ko kare kuri uwu w’Imana, abanywanyi ba UPRONA ishami rirongowe na Karori NDITIJE bitavye akamo bari batewe ko kuza kubuza inama rukokoma yari yateguwe na Concilie NIBIGIRA, umukuru w’umugambwe UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Amabarabara ashika aho ku Mugumya yose yari yugaye, abarekurirwa kwinjira ahari kubera inama bakaba bari abafise ubutumire gusa.
Bimaze kwanka ko abo banywanyi basivya iyo nama, Karori NDITIJE yaciye amenyesha ko bagiye kwitwarira Reta, kubona yemeye ko inama avuga ko ari iyo gusambura umugambwe iba, igatumirwamwo bamwe, abandi ntibabwirwe, akavuga mbere ko n’abo bayitumiwemwo bagizwe n’imbonerakure n’abakenyererarugmba ba CNDD FDD. Karori NDITIJE akamenyesha ko ibizovamwo n’ingaruka zavyo bitazobazwa umugambwe UPRONA. Kubwa Karori NDITIJE, iyo nama nta kindi ije gukora atari ugushiraho irindi shami ry’umugambwe UPRONA ukorera mu kwaha kwa CNDD FDD.
Ku Mugumya iyo nama yabaye mu mutekano ntangere, ikaba yitabwe n’abadasigana bayoboka Concilie NIBIGIRA baje bava mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi, bagizwe ku bwinshi n’abakiri bato. Mw’ijambo ryo gutanguza iyo nama, Concilie NIBIGIRA yamenyesheje ko yahagurutse akanka ko umugambwe UPRONA worwa mw’isanganya, ari naco gituma inyuma y’amezi atandatu indongozi z’uwo mugambwe ziri mu mpari zidahera, yahisemwo gutumako inama rukokoma kugira umugambwe UPRONA uhabwe indongozi nshasha, uvugane n’inyishu z’ibibazo ufise. Ku bavuga naho ko yatumyeko inama itemewe n’amategeko ngenderwako y’umugambwe UPRONA, Concilie NIBIGIRA yamenyesheje ko ari ikinyoma, kuko ingingo ya 56 y’amategeko agenga umugambwe UPRONA itegekanya ko mu gihe uwo mugambwe ugize ibibazo, iyo nama itegurwa kugira bitorerwe inyishu, akavuga mbere ko vyari binamaze kuba, igihe amasezerano y’i Arusha yariko arategurwa. Concilie NIBIGIRA yamenyesheje ko yatumyeko iyo nama rukokoma, kuko ikoranira kaminuza ridashoboka bivanye n’uko hasigaye umwanya muto amatora agatangura, iryo koraniro naryo rikaba ritegurwa mu kiringo kitari munsi y’umwaka wose.
Inyuma y’iryo jambo rya Concilie NIBIGIRA, abamenyeshamakuru baciye bataramurwa, bikavugwa ko bagira berekane abatowe mu nzego z’umugambwe UPRONA ku rwego rw’igihugu, ari nabo baca bigira hamwe ishirwaho ry’inzego z’umugambwe UPRONA zemewe. Turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.
Sources : Igihe Burundi