NEWS

Abatwara imigambwe bamwe bavuga ko bakumiriwe mu gutegura amatora yo mu 2020

By

on

Aloys Baricako, umukuru w’umugambwe, RANAC, aratangazwa cane no kubona imigambwe itatu gusa ariyo yiharije ica gatatu c’abari mu migwi ijejwe amatora mu ntara, CEPI. Aloys Baricako akavuga ko naho CENI yanditseko ari intonde z’imfata kibanza, ngo ivyo nuruhendo kuko bitazosubirwamwo.

Aloys Baricako akavuga ko ivyobashobora kuzokosora n’ugukuramwo abatavuka mu ntara banditswemwo gusa. Umukuru w’umugambwe RANAC abandanya avuga ko n’icizere bari bagize kuri murwi CENI ko ugiye gukorera ku mugaragaro gisa ni kiriko kirahera.

Uwo mugambwe RANAC ugasaba CENI ko yohindura ingendo mu gihe co gushiraho intonde z’abazoja mu mirwi y’amakomine ijejwe gutegura amatora (CECI) mukwerekana ishaka ryo gukorera bose.

Mw’itangazo umugamwe FRODEBU washinzwe na Melchior Ndadaye wasohoye kuri uyu wa gatatu, uvuga ko wihweje intonde mfatakibanza za sohowe n’umugwi ujejwe gutegura amatora CENI z’abazoja mu mirwi y’intara ijejwe gutegura amatora CEPI, waciye ubona ko CENI itariko ikorera mu muco kandi iriko irakumira bamwe bamwe, bica bituma ngo batakaza icizere kubijanye n’itegurwa ry’amatora yimirije.

Pierre Claver Nahimana, arongoye muri kino gihe umugambwe FRODEBU avuga kandi ko mugihe CENI yahora ikoranya imigambwe bavugana ibijanye n’ishirwaho ryama CEPI, ngo biratangaje kuba itasubiye kubakoranya kugira ibereke inyishu y’igikorwa baranguriye hamwe.

Mu mugambwe urunani rw’amahoro, APDR bagize ico bavuga. Gabriel Banzawitonde awurongoye arakeza umurwi ujejwe gutegura amatora CENI kuba waranyarukije mugusohora intonde z’imirwi ijejwe gutegura amatora mu ntara ariyo CEPI, ariko uwo mugambwe ngo ugatangazwa cane n’uko ufise abanywanyi bake muri iyo mirwi. Gabriel Banzawitonde asaba CENI ko imbere yokuja gushikiriza izo ntonde abarongoye imigambwe itandukanye mu ntara ko nyabuna yobanza kuzishikiriza abarongoye imigambwe ku rwego rw’igihugu, bakagira ico bazivuzeko kandi ikabereka ico bafatiyeko.

Umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa cokimwe n’umugambwe w’abadasigna UPRONA bavuga ko bazogira ico bavuze izo ntonde mfatakibanza zimaze gushikirizwa icese. Atagihindutse bitegekanijwe ko CENI izoshikiriza ku mugaragaro izo ntonde mfatakibanza ku munsi wa 4 na 5 w’indwi.

Recommended for you