NEWS

Abategetsi B’Uburundi Baragabishwa Ko Boreka ‘Gutera Ubwoba’ Abahinga ba ONU Bakoze Amatohoza Ku Burundi.

on

Umuvugizi w’Umurwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka aka zina muntu( UN Human Rights Council), Rupert Colville, yaramenyesheje ko abategetsi b’igihugu c’Uburundi ko batubahriza kandi bakongera bagahohotera abahinga ba ONU bahabwa igikorwa co gukora amatohoza ku mabi akorwa muri ico gihugu.

Muri iryo tangazo ryasomwe ejo ku musi wa mbere itariki 21 Munyonyo 2017, haragarutswe ku majambo uwuserukira Uburundi muri ONU,Albert Shingiroyamenyesheje, ko Leta y’Uburundi yiyamirije icegeranyo c’abahinga ba ONU baheruka gusohora ku Burundi aho cavuga ko hakozwe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi; aho Shingiro yamenyesheje ko ico cegeranyo cari gihengamye kandi cari cuzuye imvo za politike. Maze Albert Shingiro akaba yaciye amenyesha ko ‘ abakoze ico cegeranyo ku Burundi bokwitwarirwa mu butungane kubera ko basuzuguye bongera baragerageza guhungabanya inzego z’Uburundi’.

Kuri ivyo, ibiro vy’umurwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu vyaciye bimenyesha ko abakozi bavyo bahohoterwa n’abategetsi b’Uburundi. Maze ukwo guhohotera no gutera ubwoba abo bakora amatohoza kukaba ari ‘uguhonyanga ingingo ya 6 yo mu mwaka wa 1946 ku bijanye n’Amasezerano n’Ubudahangarwa bwa ONU, amasezerano araba n’abakozi ba ONU baba bari mu kazi kabo’. Rupert Colville akaba yasavye abategetsi ba Leta y’Uburundi gusubira kwihweza ingingo zayo mu bijanye no gukorana n’abahinga bigenga hama no guhagarika ata kirinze gusabwa ivyo ‘gutera ubwoba’ abo bakozi ba ONU.

Igihugu c’Uburundi kikaba kiri mu bindi bihugu biri muri uyo murwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu. Rupert Colville yamenyesheje ati: “Ibihugu vyose bigize Umurwi wa ONU ujejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu bitegerezwa gukorana neza n’abakozi batumwe n’uyo Murwi. Nta numwe muri abo bakozi ashirwaho ata mpamvu.

Recommended for you