NEWS

Abategetsi Ba Afrika 48 Bandikiye Urwandiko Donald Trump Ku ‘Majambo Yiwe Ataranga Urupfasoni’.

on

Inyuma y’aho umukuru w’igihugu ca Leta Zinze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, avugiye ko ibihugu vyose vya Afrika hamwe n’ibihugu vya Haiti na Salvador ko ari « ibihugu vy’umwanda », ayo majambo yiwe yo gusuzugarana abandanya avyura impari muri Afrika. Ubu hoho ni abategetsi 48 bahoze ari abserukizi b’ibihugu vya Afrika muri Amerika bandikiye urwandiko Donald Trump bamenyesha « amakenga yabo » ku bijanye n’ayo majambo ya Donald Trump.

Abo bahoze ari aba ambasaderi muri Amerika basa n’abaserukiye umugabane wose wa Afrika mu guhagarukira ayo majambo y’agasuzuguro yavuzwe na Donald Trump igihe yariko akora inama ku bijanye n’abimukira.

Muri urwo rwandiko handitswemwo uku : « Nyakwubahwa Mukuru w’Igihugu, tubandikiye tubabwira amakenga yacu akomeye ku bijanye n’amajambo muheruka kuvuga ku bihugu vya Afrika…Afrika irimwo abantu bakomeye bashoboye, ubwiza budasanzwe hamwe n’ ubutunzi kama atahandi bwoboneka…ni umugabanae kandi ufise ivyo uhurirako vyinshi muri Kahise na leta Zunze Ubumwe Za Amerika ».

Ico gisomwa c’urwo rwandiko kikaba cibutsa imigenderanire mu vy’ubutunzi hagati ya leta Zunze Ubumwe za Amerika na Afrika, hamwe kandi no mu gisirikare n’Iperereza. Abo bategetsi ba Afrika bamenyesheje kandi ko « isi itunze cane kubera intererano y’abanya Afrika cane cane abanya Amerika bavyawe n’aba Nyafrika( Afro- Americains) ».

Abo bategetsi ba Afrika barangije urwo rwandiko bavuga nyabuna ko ‘bizeye ko umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika azosubira kwihweza imbono yiwe kuri Afrika no ku bayibako bose, maze ahe agaciro intererano Abanyafrika hamwe n’abandi baba muri Amerika bafise inkomoko muri afrika baterera Amerika hamwe na kahise kayo’.

Recommended for you