Abarongoye intara za Muyinga na Kirundo bakoraniye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 gitugutu 2021 mu nama yabahuje n-abagenzi babo barongoye intara zo mu buseruko no mu bumanuko bw-igihugu c-urwanda. Ukwo guhura kw-abo bategetsi b-izo ntara kwabereye ku mupaka wa Gasenyi-Nemba ugabura urwanda n-uburundi.
Ivyapfundikiwe muri iyo nama hakaba ko abarundi n-abanyarwanda bagiye gufashanya mu gutorera inyishu ibibazo bishoboka, nko guhanahana amakuru ku gihe hagati y-inzego zose zo hamwe no guhanahana abagizi ba nabi. Ivyo bikazokorwa mu ntumbero yo gukomeza amahoro n-umutekano ku mbibe z-ivyo bihugu bibanyi bihana.
Tubamenyeshe ko intumwa z-uburundi zari zaserukiwe na buramatari w-intara ya Kirundo Albert Hatungimana hamwe na Jean-Claude Barutwanayo w-intara ya Muyinga. K-uruhande rw-urwanda, rwari rwaserukiwe na Emmanuel Gasana arongoye intara yo mu Buseruko hamwe na Alice Kayitesi arongoye intara yo mu bumanuko.