NEWS

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa NKURUNZIZA batumweko i Arusha

By

on

Umuhuza mu matati y’abarundi Benjamin Mkapa yatumiye abatavuga rumwe na Reta ndwi iza kw’igenekerezo rya 16 Nzero 2017 kugira bahanahane ivyiyumviro ku ntambwe igiye gukurikira mu biganiro bibahuza na reta. Itangazo ry’umuhuza rivuga ko iryo biganiro bizobera i Arusha mu gihugu ca Tanzania.

Iyo nama yo guhanahana ivyiyumviro yerekeye abatashoboye kuja mu biheruka kubera i Bujumbura. Umuhuza Mkapa yaheruka kugira urugendo mu Burundi, aho yavuze ko ikibazo kitakiri ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, ahubwo ari ukwitaba ibiganiro vyo gutegura amatora ya 2020.

Yavuze kandi ko abarundi bafise uburenganzira bwo gusubiramwo ibwirizwa shingiro. Iyo mvugo yaranebaguwe n’abatavuga rumwe na reta bo mu runani CNARED, bagirako bamenyesha ko batacemera Benjami Mkapa nk’umuhuza, kadi ko batazonasubira kwitaba ibiganiro arongoye.

Ku musi wa mbere itariki icenda z’ukwezi kwa mbere, umugambwe Sahwanya- Frodebu uri muri CNARED wamenyesheje ko wowo uzokwitaba ivyo biganiro.

Recommended for you