NEWS

Abatavuga Rumwe na Leta y’Uburundi Basaba Ko ‘Intwaro y’i Bujumbura Yofatirwa Ibihano Ruhasha’.

on

Umurwi w’abatavuga rumwe na leta y’i Bujumbura ugizwe n’abahunze igihugu c’Uburundi ahanini wasavye amakungu ‘gufata ibihano ruhasha ku ntwaro y’ i Bujumbura’ kugira ngo igondozwe ihave yitabire ibiganiro bidakumira kugira ngo amahoro arama aboneke mu Burundi.

Pierre Claver Mbonimpa, ubu ari mu Buhungiro yamenyesheje ko amakungu yova mu majambo akaja mu bikorwa kugira ahagurukire ikibazo c’Uburundi. “Fate ibihano ruhasha, ibihano mu vy’ubutunzi [embargo]. Nimuve mu majambo muje mu bikorwa“, niko Mbonimpa yamenyesheje.

Ivyo Pierre Claver Mbonimpa akaba yabivugiye mu kiganiro caremeshejwe i Paris mu Bufaransa na FIDH( Fédération internationale des droits de l’Homme). FIDH ikaba yariyamirije mwitangazo yasohoye ku musi wa kabiri ko ‘isekeza ry’amatora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro ryaranzwemwo iterabwoba rikaze kugira Abarundi batore “EGO”ku nguvu’.

Pierre Claver Mbonimpa akaba yamenyesheje ati: “Ayo matora yo guhinyanyura ibwirzwa shingiro azoza ahamba amasezerano y’i Arusha yo guhagarika intambara…Niyo EGO yatsinda, ivyo bishobora gutuma haba imigumuko…turashobora kugaruka muri ya myaka y’intamabara z’urutavanako zahitanye abanyagihugu benshi cane…”.

Abatavuga rumwe na Leta y’Uburundi basigaye babona ko inzego mpuzamakungu nka ONU, UE, UA ko ‘ziriho ku mazina gusa‘ ata nakimwe zikora kugira ngo leta y’i Bujumbura yemere kugondozwa iganitre nabo.None ubwo akamo kabo mu makungu kazokwigera kumvirwa?

Recommended for you