INTERNATIONAL NEWS

Abatavuga Rumwe na Leta Muri Kenya Bashizeho ‘ Inama y’Abanyagihugu’ Itwara Igihugu Nk’Uko Vyabaye Mu Burundi.

on

Mu gihugu kibanyi ca Kenya, ibintu vyakomeye aho umgambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi urongowe na Raila Odinga wo mu mugambwe National Super Alliance( NASA) wahisemwo gushiraho Inama y’Abanyagihugu( People’s Assembly) kugira bayobore igihugu gushika habonetse ituze. Ivyo bibaye muri Kenya vyarabaye no mu Burundi aho Leonard Nyangoma yaciye afata umugambi wo gushiraho Inama y’Abanyagihugu CNARED mu 2015 inyuma y’amatora.

Odinga akaba yamenyesheje ko Uhuru Kenyatta atemewe n’amategeko hamwe n’intwaro yiwe, kandi ko amatora yabaye ku wa 26 Gitugutu yabayemwo ubusuma bwinshi. Nkuko ikinyamakuru The EastAfrican cabitangaje, Odinga yaciye agirako amenyesha ko umugambwe wiwe NASA uzoshiraho Inama y’Abanyagihugu izotwara igihugu ca Kenya gushika habonetse intwaro yemewe n’amategeko.

Raila Odinga yamenyesheje ati: “ Uyu musi dushizeho Inama y’Abanyagihugu kugira hagarukanwe demokrasi…Inama y’Abanyagihugu dushizeho izoba igizwe n’urwaruka, indongozi z’idini hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike”.

Odinga akaba kandi yamenyesheje ko NASA izosaba ko haba intwaro nshasha izoyobora Kenya gushika no muturere tutari duke twa Kenya. Mukamenyako amatora ya kabiri ya Kenya yabaye ku wa 26 Gitugutu 2017 ata barorerezi mva makungu bayakurikiranye nk’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Ubumwe bwa Buraya na Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ubu ubwoba ni bwinshi ko hasubira kwaduka intureka z’amatora nk’izabaye mu mwaka wa 2007.

Recommended for you