NEWS

Abatavuga Rumwe na Leta Biyamiriza Ivyavuye Mu matora Babandanya baja ahabona…

on

Inyuma y’aho bimaze kugaragarira ko EGO yatsinze ku bice birenga 70 kwijana mu matora yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro, abatavuga rumwe na leta biyamiriza ivyavuye muri ayo matora barabandanya baserura iryo bagona. Hakaba hari nabamaze gutangriza ku mugaragaro ko bemera ivyavuye muri ayo matora.

Inyuma y’aho Agathon Rwasa afatiye iyambere mu kumenyesha, n’imbere yuko CENI itangaza ivyavuye mu matora,, ko ivyovuye mumatora bitokwemewe, umugambwe RANAC( Rassemblement National pour le Changement) nawo wavuye mu gacerere kawo maze uriyamiriza ivyavuye mu matora ko ‘atabaye mu muco na gato’.

Umunyabanga ajejwe kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa RANAC Georges NIKIZA yamenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 22 Rusama 2018, ko bafise ubwoba ko ‘utunenge twibonekeje murayo matora aheruka dushobora kwibonekeza mu matora yimirije’.

Georges NIKIZA yavuze ko utunenge twibonekeza mu matora aritwo ntandaro y’indyane zama zibonekeje ari naco gituma umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI ukwiye kugerageza gutunganya amatora yimirije mu gushira imbere ko ico gikorwa kiraba bose ku nyungu y’igihugu n’abanyagihugu.

Abandi bamaze kugaragaza ko amatora yaranzwemwo utunenge ni ishami rya Uprona riri mu runani Amizero y’Abarundi. Evariste NGAYIMMPENDA, icegera c’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, amenyesha ko ivyavuye mu matora batavyemeye, kuko birimwo amakosa menshi, kandi ko ‘bagiye kwitura ubutungane’.

Evariste Ngayimpenda yamenyesheje ati: ” Igikorwa c’amatora cagenze nabi, hari abagiye barahohoterwa abandi barapfungwa gushika naho bagira urunai Amizero rutazwi. Hari abarorerezi babujijwe gushika aho amatora abera, hari abatewe ubwoba buca baja gutora gushika aho batagenda, hari abasohowe hageze guharura ivyavuye mu matora.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.