NEWS

Abasohorewe imitahe mpuzamkungu ‘ntibatumiwe’ mu biganiro bihuza Abarundi.

on

Mu gihe hitezwe ko hagiye kuba ibiganiro bIfatwa ko ari ivya nyuma kuva kuwa 24 Gitugutu 2018, bikazoba ari ibihuza Abarundi bizobera mu gisagara ca Arusha mu gihugu ca Tanzannia, ubu biriko biragaragara ko bitazoba ‘bihurikiyemwo bose’ nk’uko bamwe bavyibaza.

Inkuru dukesha ikinyamakuru The East African, imenyesha ko bamwe mu basohorewe imitahe mpuzamkungu batatumiwe muri ivyo biganiro vya nyuma. Isoko rya The East African rivuga ko ibiro vya Benjamin Mkapa bifasha mu biganiro bihuza Abarundi ‘vyatumiye gusa abo mu runani CNARED batasohorewe imitahe mpuzamakungu’.

Abantu bashika ku 34(bamwe muri bo bari mu runani CNARED) bakaba barasohorewe imitahe mpuzamakungu kugira bishure ku ruhara bagize mw’ishaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 muri Rusama ku wa 13.

Ibiganiro vyimirije kubera i Arusha bikaba bizoshimika cane cane ku kurekura impfungwa za Politike, ugukuraho iyo mitahe mpuzamkungu kuri abo 34, amatora ya 2020, nk’uko ico kinyamakuru kibimenyesha.

Ico kinyamakuru kandi kikamenyesha ko EAC yagize uruhara cane kugira ngo Petero Nkrunziza afate ingingo yo kutazosubira kwitoza mu matora ya 2020. Ico kinyamakuru kimenyesha mu kuvuga isoko ryayo ko ‘abakuru b’ibihugu vya Kenya( Uhuru kenyatta) na Tanzania( John Pombe Magufuli) bagize uruhara rudasanzwe mu kugondoza Petero Nkurunziza ntiyitoze mu matora ya 2020’.

Inyuma y’ibiganiro bihuza Abarundi ku ncuro ya gatanu i Arusha, abajejwe gutunganya ivyo biganiro biteze gushikiriza ivyavuyemwo ku bakuru b’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko mu kwezi kwa Munyonyo 2018.

Recommended for you