NEWS

Abasoda 6 b’Abarundi muri AMISOM bavugwa ko bishwe

on

Amakuru ariko arakwiragura ku mbuga ngurukana  bumenyi amenyesha ko abasirikara b’Abarundi bo muri wa mugambi wo kugarukana amahoro muri Somalia,AMISOM, boba bishwe mwijoro ryakeye kuri uyu wa gatandatu.

Amakuru ataremezwa n’inzego z’Uburundi hamwe na AMISOM Somalia amenyesha ko abasirikare babandatu b’Abarundi bishwe bivuye ku mutego batezwe na ba bihevyi Al Shabaab muri Somalia.

Ibinyamkuru vyo muri Somalia bikamenyesha ko ibitigiri vy’abahitanywe n’uwo mutego wa Al Shabaab bashobora kurenga batandatu.

Ikinyamakuru kimwe caho muri Somalia nico camenyesheje ko cabonye indege iguruka maze hibonekeza ibiziga vy’abasirikare b’Abarundi batwarwa muri iyo ndege yavuzwe ko ari iy’ingabo za Amerika zigwanya uwo murwi wa Al Shabaab muri Somalia.

Recommended for you