NEWS

Abasirikare b’Urwanda ngo baribonekeza ku gataka ka Congo

By

on

Ivyo ngo n’uguhonyanga amasezerano ya ONU n’Ibwirizwashingiro rya Républika iharanira Démokarasi nkuko bivuga n’ikimenyeshamakuru Benilubero,com co muri RDC. N’abasirikare ba ONU bagiye kugarukana amahoro murico gihugu baremeza iyo nkuru hamwe n’ikimenyeshamakuru c’abongereza Africa Confidentiel aho candika iyo nkuru igenekerezo rya 20 ruheshi 2019.

Abo basirikare b’Urwanda bakaba bafashe ibirindiro mw’ishamba rikingiwe rya Virunga, mu ntara ya Nord-Kivu hamwe no turere congo ihura n’Uburundi mu ntara ya Sud-Kivu. Uko kwinjira muri Congo kw’abasirikare b’Urwanda kugamije kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho ariko ntibavuga iyariyo nkuko ikimenyeshamakuru c’abongereza Africa Confidentiel kibandanya kibivuga. Ivyo biruko Leta ya Congo ntaco irabivugako.  

Ikimenyeshamakuru Benilubero,com kikavuga ko igisirikare ca Congo cikwije kandi gikwiye kugira kirwanye imirwi yitwaje ibirwanisho. Abasirikare ba Congo bashika ibihumbi 271 ushizeko n’abasirikare ibihumbi 3 ba ONU ngo barakwiye uravye abasirikare b’Urwanda bangane 1500 binjiye muri Congo.

Recommended for you